Mukwimenyekanisha neza,Trump yaguze ibibanza vya Publicité vya Youtube k’umusi w’amatora muri Amerika.

Muntumbero yo kwimenyekanisha bikwiye,Donald Trump,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,yaguze ibibanza vyose vyo kumenyekanisha ibintu (Publicite ),k’umusi w’amatora muri ico gihugu.

Isanamu yerekana Trump

Nkuko bimenyeshwa n’ikimenyeshamakuru Bloomberg co ngaho mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,Donald Trump yaguze ibibanza vyose vyokumenyekanisha ibintu vya Youtube k’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2020,umusi w’amatora y’umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika.

Amahera ashika k’umuriyoni w’amadorare y’abanyamerika,niyo yatanzwe kugira Donald Trump ashobore kugura ico kibanza cokumenyekanisha ibintu k’umusi w’amatora kugira aze asobore gushitsa ubutumwa bitagoranye kubantu bashika imiriyoni 80 kuri uwo musi.

Mwokwibuka ko,mu mwaka wa 2012,abari bajejwe ivyo kwiyamamaza kwa Barack Obama,barakoresheje ubwo buhinga,aho bikoresheje ibibanza vyo guhayanisha ibintu vya Youtube,k’umusi w’amatora,ndetse akaba yaciye atsinda ayo matora.

You may also like...