Trump yemereye kuronsa ubuhindi ibirwanisho batari bwigere baronka mu mateka yabo.

Umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,Donald Trump,yemereye igihugu c’ubuhinde ibirwanisho batari bwigere batunga mu mateka yabo.

Donald Trump aho yakirwa na Narendra Modi mubuhinde.

Ivyo,Donald Trump akaba yabivuze kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2020,murugendo rw’imisi ibiri ariko arakora muri ico gihugu c’ubuhinde,aho yamensheje ko,kubera ubucuti bwiza bafitaniye n’igihugu c’ubuhinde,igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kizobaha ibirwanisho bijanye n’igihe,igihugu c’ubuhinde kitari bwatunge kuva kibaho.

Mw’ijambo ryiwe,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yagize ati :”Muntumbero yogutsimbataza imigenderanire myiza no gufashanya muvyagisirikare,igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kiriteguriye guha igihugu c’ubuhinde ibirwanisho bikomeye batari bwigere baronka mu mateka yabo.”

Ayo masezerano yo guha ibirwanisho igihugu c’ubuhinde,akaba ategekanijwe guterwako,umukono kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2020,hagati y’umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump,hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’ubuhinde Narendra Modi,Amerika ikaba yemeye kugurisha indege 24 zigezweho z’intambara,ku mahera y’abanyamerika agera kuri miriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana atandatu z’amadorare y’abanyamerika (2.6Milliards de dollars americains).

You may also like...