Umutegetsi muri Amerika avugako atagikozwe uburusiya bugiye gusumvya inguvu za gisirikare Amerika.

Mark Milley,umukuru w’ibiro vya gisirikare mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,amenyesha ko,atagikozwe ,igihugu c’uburusiya gishobora gusumvya inguvu za gisirikare igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika.

Isanamu yerekana burende y’abanyamerika mugihe bari bagiye mu myimenyerezo ya OTAN

Ivyo,Mark Milley,akaba yabivuze kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2020,mugihe yariko arasigura abashingamateka ibijanye n’amahera igisirikare gitegerezwa gukoresha mu mwaka wa 2021,aho yamenyesha ko,atagikozwe igisirikare c’uburusiya gishobora gusumvya inguvu igisirikare ca reta zunze ubumwe za Amerika.

Mark Milley akaba yasiguriye abashingamateka ko,ibihugu vy’uburusiya hamwe n’ubushinwa bimaze imisi bigerageza gukora ibirwanisho bikomakomeye muntumbero yo gusumvya inguvu ingabo za reta zunze ubumwe za Amerika,no gutera igitsure ibindi bihugu.

Ariko naho biruko,Mark Milley,akaba yamenyesheje ko gushika ubu,igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika gihagaze neza kandi gishobora kurwanya umwansi uwari we wese kikamutsinda bitagoranye.

Mwokwibuka ko Mark Esper,umunyamabanga mubushikiranganji bujejwe ukwivuna abansi yaheruka kumenyesha imbere y’abashingamateka,ko bafise amakenga yuko igihugu c’uburusiya gishaka kwigarurira ibindi bihugu,uravye ingene kigurisha ibirwanisho kubihugu bisanzwe bicuditse.

You may also like...