Uwundi mutegetsi akomeye cane mu gihugu ca Iran yanduye ca kiza ca Coronavirus.

Inyuma yaho k’umusi wejo hamenyekaniye ko icegera c’umushikiranganji w’igihugu ca Irani ajejwe amagara y’abantu,yanduye indwara ya coronavirus,uwundi mutegetsi akomeye cane muri ico gihugu nawe nyene ibipimo vyo kwa muganga vyamaze kwerekana ko yamaze kwandura ico kiza.

Ebtekar ,icegera c’umukuru w’igihugu ca Iran yamaze kwandura coronavirus.

 

Amakuru atangwa n’ikimenyeshamakuru IRNA congaho mu gihugu ca Irani,avuga ko Masoumeh Ebtekar ,icegera c’umukuru w’igihugu wa Irani ajejwe ibibazo vy’abakenyezi n’imiryango,ibimo vyo kwa muganga vyamaze kwerekana ko yamaze kwandura ikiza c’indwara ya Coronavirus.

Gushika kuruyu wa kane,igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2020,ibitigiri vy’abandura ikica ca coronavirus ngaho mu gihugu ca Irani bibandanya vyiyongera kubwinshi,kuko bigeze kubantu 245,ndetse abashika 26 nabo bakaba bamaze kuhasiga ubuzima bahitanywe nico kiza.

Ikiza c’indwara ya coronavirus kikaba cazananye mu gihugu c’ubushinwa,mu ntara ya Wuhan,kuva mu ntango z’ukwezi kwa Nzero 2020,ndetse ikaba imaze guhitana abatari bake muri ico gihugu,ndetse n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS rijejwe ivy’amagara y’abantu kw’isi rikaba risaba ibihugu vyose kwitegura bikwiye kugira bishobore guhangana nico kiza.

You may also like...