Igifungu kurupfu rw’uwarajejwe iperereza mu gisirikare ca Congo basanze yapfiriye munzu.

General Delphin Kahimbi yarasanzwe arongoye iperereza mu gisirikare  c’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo basanze yapfiriye munzu,murugo iwe,mu gisagara ca Kinshasa kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2020.

Delphin Kahimbi yitavye Imana.

Amakuru y’urupfu rwa General Delphin Kahimbi,aremezwa n’umutambukanyi wiwe hamwe n’abandi bategetsi bakomakomeye ngaho muri ico gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,ariko ntavyinshi bashaka kuvuga kuri urwo rupfu.

General Delphin Kahimbi,akaba yarasanzwe arongoye iperereza mu gisirikare ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,ariko akaba yaramaze imisi yitaba imitahe itandukanye,aho yabazwa kubijanye nuko yoba akorana n’imirwi irwanya reta muri ico gihugu,ndetse bikaba vyanurwanurwa ko yoba yari yamaze gukurwa muri ayo mabanga yarajejwe,nkuko vyiriwe biravurwa kumbuga ngurukana bumenyi kuruyu wa kane,igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2020.

Tubibubtse ko,General Delphin Kahimbi,vyavurwa ko asanzwe acuditse cane na Joseph Kabila yahoze arongoye ico gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,ariko gushika ubu,hakaba hataramenyekana icamwishe.

You may also like...