Ikindi gihugu kigira 3 co muri Africa cibonekejemwo Coronavirus.

Inyuma yaho indwara ya Coronavirus yibonekeje mu bihugu vya Egypte,Algerie,ikindi gihugu co k’umugabane wa Africa camaze kwibonekezamwo umurwayi afise iyo ndwara.

Isanamu yerekana abantu ku kibuga c’indege co mugihugu ca Nigeriya bariko barisuzumisha coronavirus

Amakuru yatanzwe na Olorumibe Momara,umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu ngaho mugihugu ca Nigeria,kuruyu wa kane,igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2020,avuga ko umuntu umwe yamaze kumenyekana ko yanduye indwara ya Coronavirus mugisagara ca Lagos,umurwa mukuru w’ubudandaji w’igihugu ca Nigeriya.

Umushikiranganji Olorumibe Momara akaba yabandanije amenyesha ko,uyo basanze arwaye ikiza ca coronavirus,atari umwenegihugu wa Nigeriya,ahubwo ari umutaliyano yarasanzwe ari murugendo muri ico gihugu,ndetse akaba yari yahashitse kuva kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2020,avuye mu gisagara ca Milan mubutaliyano.

Ishirahamwe mpuzamakungu OMS rijejwe amagara y’abantu kw’isi rikaba ribandanya guhamagarira ibihugu gukoresha inguvu zose zishoboka kugira bishobore kurwanya bimwe biboneka ikiza ca Coronavirus amazi atararenga inkombe,kuko biteye ubwoba uravye ingene kiguma ciyadukiza mubihugu bitandukanye.

Tubibutse ko kuva ico kiza cibonekeje muntango z’ukwezi kwa mbere muruyu mwaka wa 2020,kimaze guhitana bantu bashika 2788 mu gihugu c’ubushinwa gusa.

You may also like...