Ikiza ca Coronavirus catumye abantu binuba kunywa inzoga yitwa Corona.

Inyuma yaho ikiza ca coronavirus gitanguye gukwiragira mu bihugu bitandukanye,ingaruka zatanguye kwibonekeza no kubintu bifise amazina agomba kwitiranwa nico kiza ca coronavirus.

Isanamu yerekana inzoga yitwa Corona.

Mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,inzoga yitwa Corona,yarisanzwe ikunzwe cane muri ico gihugu,ntikinyobwa cane,uravye urugero yarisanzwe ikunzweko,kuko yari mubwoko butatu bwa mbere  bw’inzoga zikunzwe cane muri ico gihugu,ariko kuva ikiza c’indwara ya coronavirus gitanguye kuvurwa,hari abaciye baheba gufata ico kinyobwa kubera amakenga bibazako yoba ifitaniye isano n’ico kiza.

Nkuko bimenyeshwa na Maggie Bowman,asanzwe ajejwe kumenyesha amakuru mw’ihinguriro Constellation Brands,risanzwe rihingura ico kinyobwa ca Corona,abantu benshi barakoze ubushakashatsi kuri Google baraba ko hoba hari isano riri hagati y’ikinyobwa Corona hamwe n’ikiza kimaze imisi kiriko kiravurwa ca Coronavirus.

Maggie Browman,akaba yavuze ko ivyo vyatanguye,inyuma yaho indwara ya coronavirus itanguye kuvurwa kw’isi yose,ariko akaba atasano riri hagati y’ikinyobwa Corona hamwe n’indwara ya Coronavirus,ariko ivyo bivurwa bikaba bimaze gutuma ico kinyobwa gitakaza ubwizigirwa cari gifise kuko mu mpera y’umwaka wa 2019,ibice 80% vy’abanyamerika baribasanzwe bafata ico kinyobwa bakivuga neza,ariko kuva aho hatanguwe kuvurwa ivya coronavirus,ibitigiri vy’abavuga neza ico kinyobwa vyarakorotse,bikaba bigeze kubice 50%.

Inzoga ya Corona ikaba isanzwe ihingurirwa mu gihugu ca Mexique,ndetse izina rya Corona akaba ari ururimi rwo muri Espagne,ndetse Corona bikaba bisigura “Courone Solaire”,mururimi rw’igifaransa

You may also like...