Muri Iran,abanyagihugu baturiye ibitaro bibazako vyegeranirijwemwo abarwaye Coronavirus.

Mu gihugu ca Iran,abanyagihugu baturiye ibitaro bibazako vyari vyegeranirijwemwo abantu bamaze kwandura ca kiza ca Coronavirus kugira bapfe bose,ntihagire uwundi muntu numwe bazokwanduza ico kiza.

Isanamu yerekana abantu batekewe n’ubwoba kubera coronavirus muri Irani.

Nkuko bimenyeshwa n’imboneshakure Al-Arabiya,Ibitaro vyo mugisagara ca Bandar Abbas,mu majepfo y’igihugu ca Irani,vyaraturiwe n’abanyagihugu kuruyu wagatanu,igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2020,bibaza ko,ariho hari hegeranirijwe abantu bose bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus,kugira bapfe ntihaze hagire uwundi muntu numwe basubira kwanduza.

Fatima Narouzian,asanzwe akorera kuri ivyo bitaro vyaturiwe,yamenyesheje ko,atamuntu numwe arwaye Coronavirus yarasanzwe ari kuri ivyo bitaro,ndetse ababikoze bisunze amakuru y’ibihuha yaramaze imisi acanacana kumbuga ngurukana bumenyi avuga ko ivyo bitaro vyateguriwe kwakira abantu bamaze kwandura Coronavirus.

Kubwa Fatima Narouzian,Imana yarakinze,ntamuntu numwe yarasanzwe agwariye ngaho kuri ivyobitaro yahasize ubuzima,kuko abajejwe kuzimya umuriro baciye bahanyarukira,ariko ibitari bike bikaba vyarahiye biratokombera.

Mwokwibuka ko,igihugu ca Iran kimaze kubangamirwa cane nico kiza ca coronavirus,kuko ibitigiri vy’abantu bamaze kwandura ico kiza bashika 593,ariko kikaba kimaze guhitana abashika 43 gushika kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 29 Ruhuhuma 2020

You may also like...