Ibindi bihugu 3 vyo k’umugabane wa Africa vyamaze guterwa na cakiza ca Coronavirus.

Mugihe ikiza ca coronavirus cari kimaze imisi kivurwa na cane cane mu bihugu vyo k’umugabane wa Aziya n’uburayi,umugabane wa Africa nawonyene wamaze gusatirwa bimwe biboneka.

Isanamu yerekana umuntu ariko arasuzuma ingenzi ku kibuga c’indege muri Nigeriya.

Inyuma y’ibihugu vya Nigeriya,Algerie,Egypte,ibindi bihugu bitatu vyo k’umugabane wa Africa vyaraye bitandukiwe n’ico kiza ca coronavirus kuva kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 2 Ntwarante 2020,ivyo navyo akaba ari igihugu ca Tuniziya,igihugu ca Maroc hamwe n’igihugu ca Senegal.

Umushikiranganji ajejwje amagara y’abantu mu gihugu ca Senegal,Abdoulaye Diouf Sarr yamenyesheje mugatondo ko kuruyu wa kabiri,ko umuntu basanze arwaye ico kiza ca coronavirus,ari umwenegihugu w’ubufaransa,yari yashitse muri ico gihugu mundwi iheze,ariko akaba ariko arakurikiranwa bihagije,ndetse bakaba bariko baragerageza kurondera abantu bose boba barabonanye nuwo muzungu.

Mu gihugu ca Tuniziya,umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu ,bwana Abdellatif Mekki,yamenyesheje ko umuntu ibipimo vyerekanye ko afise ikiza ca coronavirus,ari umwenegihugu wa Tuniziya,ariko akaba yarasanzwe akorera ibikorwa vyiwe mu gihugu c’ubutaliyano,akaba yari yagarutse muri Tuniziya kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2020,ndetse abantu 250 bazananye mu bwato yarimwo bakaba bariko barakorerwa ibipimo kugira barabeko atawundi yoba yaranduye ico kiza.

Kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 2 Ntwarante 2020,ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Maroc bwaremeje ko umuntu wa mbere afise ikiza ca Coronavirus yamaze kwibonekeza muri ico gihugu,akaba ari umwenegihugu wa Maroc,ariko akaba yaraje avuye mu gihugu c’ubtaliyano.

Tubibutse ko,abantu bose bamaze kuboneka ko banduye ikiza ca coronavirus k’umugabane wa Africa,bose usanga baje bava mu bihugu vy’ubutaliyano n’ubushinwa,bimwe mu bihugu bibangamiwe cane nico kiza ca coronavirus.

You may also like...