Amanota 98,5% niyo yahawe abitanga kugira umutekano ugende neza mu Burundi.

Umukuru w’igihugu c’uBurundi,nyenicybahiro Petero Nkurunziza,yakoresheje inama y’umutekano abasanzwe begwa n’ikibazo c’umutekano  nkuko yama abikora uko amezi atatu aheze.

Bamwe mubategetsi bari munama y’umutekano mu ntara ya Kayanza.

Mu nama y’umutekano yabereye muri komine Muhanga y’intara ya Kayanza, kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 4 Ntwarante 2020,yitabwe n’abategetsi bakomakomeye,aha twovuga,umushikiranganji wo kwivuna abansi,umushikiranganji ajejwe umutekano no gukinga ibiza,umushikiranganji ajejwe ubutungane,umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu ndetse ikaba yari irongowe n’umukuru w’igihugu c’uBurundi,Petero Nkurunziza.

Ba buramatari bose barongoye intara zose z’igihugu c’uBurundi  hamwe n’abasanzwe bari munzego z’umutekano zitandukanye bakaba nabo nyene bari bitavye iyo nama.

Nyenicubahiro Petero Nkurunziza,umukuru w’igihugu c’uBurundi,akaba yamenyesheje ko muri rusangi,umutekano mu gihugu cose wifashe neza cane,ndetse akaba yaciye aboneraho akaryo ko guha amanota ashika 98,5 kw’ijana (98,5%),kubajejwe intwaro,abajejwe umutekano,abajejwe ukwivuna abansi hamwe n’abajejwe ubutungane kukungene badahingishanya gukorana neza kugira amahoro n’umutekano bisasagare mu Burundi.

You may also like...