Kubera Coronavirus,Mauritanie yirukanye ingenzi z’abataliyano zari zije muri ico gihugu.

Muntumbero yo kwikingira ikiza ca coronavirus,igihugu ca Mauritanie,kimwe mu bihugu bigize umugabane wa Africa cirukanye ingenzi z’abataliyano zari zaje gutembera muri ico gihugu.

Mugihe ingenzi z’abataliyano zariko zirasubizwa iwabo.

Ingenzi zishika kuri 15 z’abataliyano zari zinjiye mu gihugu ca Mauritanie zije kwinezereza muri ico gihugu zaraye zirukanywe zisubizwa iwabo,inyuma yaho batashimye kubahiriza amategeko yasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS rijejwe amagara y’abantu kw’isi,avugako abantu bavuye mu bihugu bisanzwe bivurwamwo ikiza ca coronavirus,bategerezwa gushirwa mu kibanza cabigenewe ikiringo c’imisi 15.

Izo ngenzi z’abataliyana zikaba zitashatse kubahiriza iyo ngingo yo kuguma mu kibanza bari babashizemwo ,kuko bafashwe kenshi bariko baragerageza gusohoka kandi imisi bari bahawe itari bwahere.

Mwokwibuka ko,k’umugabane wa Africa,ikiza ca coronavirus kikaba kimaze kwibonekeza mu bihugu vya Algerie,Tunisie,Senegal,Nigeria,Eypte hamwe na Maroc,ariko ahanini abibonekeje bafise iyo ndwara muri ivyo bihugu bakaba basanga bari bavuye mu gihugu c’ubutaliyano canke c’ubushinwa.

You may also like...