Umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire yatangaje ko ahevye kwitoza ikiringo ca gatatu.

Umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire,Allassane Ouattara yatangaje ko ahevye kwitoza ikiringo ciwe kigira gatatu mukibanza c’umukuru w’igihugu.

Alassane Ouattara ,umukuru w’igihugu ca cote d’ivoire yamenyesheje ko atazokwitoza ikiringo kigira 3.

Munama yakoranye n’abashingamateka,kuruyu wa kane,igenekerezo rya 5 Ntwarante 2020,umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire,Alassane Ouattara yatangaje ko ahevye kuzokwitoza ikiringo ca gatatu mukibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu 2020.

Mw’ijambo ryiwe,Alassane Ouattara,yagize ati :”Mubuzima bwanje namye mpa agaciro ingingo nafashe,kandi vyagiye biramfasha,nashaka ndabatangarize ko ntazokwitoza mu matora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu 2020,mukibanza c’umukuru w’igihugu.

Alassane Ouattara akaba yamenyesheje ko ashatse ko amaraso mashasha afata ibibazo vya poritike muri ico gihugu ca Cote d’Ivoire,ndetse akaba anejerejwe naho yashikanye igihugu,kuva mu mwaka wa 2011,aho yashika kubutegetsi.

Mwokwibuka ko,hari hamaze imisi hari ukutumvikana muvya poritike muri ico gihugu aho bamwe bashaka ko yokwitoza,ariko abari mu migambwe itavuga rumwe na reta bakaba baterekwa ico ciyumviro.

You may also like...