Umutegetsi akomeye mubufaransa (France) yafashwe na ca kiza ca Coronavirus.

Ikiza ca coronavirus,cafashe umwe mubategetsi bakomeye mu gihugu c’ubufaransa,ndetse bikaba vyatumye igihugu cose kigira ubwoba gusumvya uko vyahora.

Inamanshingamateka y’ubufaransa.

Kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 6 Ntwarante 2020,niho ibipimo vyerekana  ko Jean-Luc Reitzer,umushingamateka mu gihugu c’ubufaransa yanduye ikiza ca coronavirus,ndetse bikaba vyatumye ibiro vy’Inama nshingamateka yico gihugu ihagarika ibikorwa vyose mu kiringo c’imisi 15.

Kuva kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 7 Ntwarante 2020,Inamanshingamateka y’igihugu c’ubufaransa yamenyesheje ko izohagarika ibikorwa vyose vyayo mukiringo c’imisi 15 kugira babanze bakore ibipimo kubandi bashingamateka boba bari barabonanye na Jean-Luc Reitzer,imbere yuko amenyekana yuko yanduye coronavirus.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’ubufaransa akaba yamenyesheje ko amashure asanzwe aherereye muturere tuvurwamwo cane ikiza ca coronavirus azugara imiryango kuva kuruyu wa mbere,mukiringo c’imisi 15.

Mwokwibuka ko,ibitigiri vy’abantu bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca coronavirus biguma vyiyongera,ndetse bikaba bigeze kubantu 613,abashika kw’icenda nabo bakaba bamaze kuhasiga ubuzima.

You may also like...