Umurundikazi akina Basketball muri Amerika yatumye abazungu baririmba Burundi bwacu:Video.

Umurundikazi asanzwe akina umupira w’amaboko wa Basketball mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,yatumye abazungu bahaguruka baririmba ururirimbo rwo guhayagiza igihugu c’uBurundi.

Kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 8 Ntwarante 2020,niho ururirimbo ruhayagiza igihugu c’uBurundi rwaririmbwa mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika n’abakunzi b’umupira w’amaboko wa Basketball imbere yuko urukino rutangura.

Umurundikazi azwi kumazina ya Ines Nezerwa batazira Giti,akaba ariwe yatumye isinzi ry’abazungu n’abarundi baba muri Amerika baririmba muri Stade ururirimbo rwo guhayagiza igihugu c’uBurundi,kuko amaze imisi yigenza neza mu murwi wiwe asanzwe akinira wa Iowa state ngaho mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika.

Ines Nezerwa akaba arumwe mubakinyi bakina umupira w’amaboko wa Basketball asanzwe akunzwe cane muri ico gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika bivanye n’ubukerebutsi budasanzwe asanzwe afise mukibuga.

Irabire Video ingene bariko bararirimba Burundi bwacu.

You may also like...