CENI yatangaje ibihangange 6 vyemerewe guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu mu Burundi.

Umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI,washize ahabona amazina y’abanyeporitike 6 bagiye guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu mu Burundi mu matora yo kuwa 20 Rusama 2020.

Pierre Claver Kazihise arongoye CENI mugihe yariko aramenyesha abagiye guhiganwa.

Mubantu cumi baribatanze ama dossier kugira baze bahiganirwe ikibanza c’umukuru w’igihugu c’uBurundi mu matora yimirije muruyu mwaka wa 2020,umurwi ujejwe amatora wakoze igosora,hakaba hasigaye abantu 6 bagiye gutangura ihiganwa.

Mukiganiro catanzwe n’umurwi CENI kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 10 Ntwarante 2020,uwo murwi wamenyeshejeko abantu 6 aribo bemerewe guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu Burundi mu matora igihugu cimirije,abo nabo akaba ari :

  1. Gen.Evariste Ndayishimiye azoserukira umugambwe CNDD-FDD,usanzwe ariwo uri kubutegetsi,kuva mu mwaka 2005,ndetse akaba yararongoye amabanga atandukanye y’igihugu,aho mbere y’abaye umushikiranganji w’intwaro yohagati mu gihugu,
  2. Hon.Agathon Rwasa,azoserukira umugambwe CNL,umwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi busanzwe buhari,ndetse akaba asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka,
  3. Gaston Sindimwo,azoserukira umugambwe w’abadasigana UPRONA,umwe mu migambwe yigeze gutwara igihugu,ndetse akaba asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu,
  4. Leonce Ngendakumana,azoserukira umugambwe Sahwanya-FRODEBU,ndetse akaba ari umwe mubamaze imyaka myinshi bakina poritike y’uBurundi,ndetse akaba yarabaye umukuru w’Inamanshingamateka kuntwaro ya Petero Buyoya,
  5. Dieudonne Nahimana,uwigenga ,ariko akaba atamenyerewe muri poritike y’igihugu c’uBurundi,
  6. Francis Rohero,nawenye asanzwe ari uwigenga,ndetse akaba atamenyerewe muri poritike y’igihugu c’uBurundi.

Abandi banyeporitike 4 bakaba bakuwe mw’ihiganwa ritaratangura,abo nabo akaba ari:

  1. Yakobo Bigirimana,yari yaserukiye umugambwe FNL,
  2. Domisiyano Ndayizeye yari yaserukiye urunani Kira-Burundi,
  3. Aniceti Niyonkuru yari yaserukiye umugambwe CDP,
  4. Valentin Kavakure yari yaserukiye umugambwe FPN.

You may also like...