Icicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kiri i New York cugaye imiryango kubera coronavirus.

Icicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Organisation des Nations Unies) gisanzwe kiri mugisagara ca New York mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,cugaye imiryango kubera ikiza ca coronavirus.

Icicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kiri i New York.

Kuva k’umugoroba wokuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 10 Ntwarante 2020,icicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gisanzwe kiri mugisagara ca New York,mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kiraza kugara imiryango ku bantu bose bipfuza gushika muri ico kibanza.

Ivyo bikaba vyafundikiwe munama yabaye kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 9 Ntwarante 2020,aho abari muri iyo nama bafunditse kuba barahagaritse gukorera ibikorwa muri ico kibanza muntumbero yokwikingira ikiza ca coronavirus camaze kwibonekeza muri ico gisagara ca New York.

Bikaba bitegekanijwe ko inama zimwe zimwe zizobandanya zikorwa mu buryo bwa Teletravail,aho abakozi bose baguma mu mihana yabo ariko bagashobora gukurikirana inama,gutanga iciyumviro,no gufata ingingo babicishije kuburyo bwa none bwa Teletravail kugira abantu ntibashobore guhura ngo bahave banduzanya ikiza ca coronavirus.

You may also like...