Mumateka y’isi,abaganga bemeje ko umuntu agira 2 yakize ikiza SIDA mubwongereza.

Mugihugu c’ubwongereza,abaganga bemeje ko hari umurwayi yarasanzwe arwaye ikiza ruhonyanganda SIDA yakize.

Isanamu yerekana umuganga ariko arakora ibipimo.

Amakuru atangwa n’ikimenyeshamakuru “Lancet Hiv” gisanzwe gikurikirana ahanini ibijanye n’ikiza ruhonyanganda SIDA,hamwe n’abarwayi ba SIDA,cashize ahabona amakuru avuga ko abaganga bemeje ko hari umuntu yarasanzwe arwaye ikiza ruhonyanganda SIDA yakize.

Uwo yakize ikiza ca SIDA,akaba yaramaze igihe akorewe ico bita greffe de cellulles souches,ndetse akaba amaze amezi ashika kuri mirongo itatu (30 mois ) aterekanye ikimenyetso na kimwe c’indwara ya SIDA mugihe yari yarahagaritse kubandanya afata imiti yogupfupfahaza ico kiza yitwa ARV.

Mumwaka wa 2019,Ravindra Gupta,umwigisha muri kaminuza ya Cambridge,mugihugu c’ubwongereza,yariyamenyesheje ko uwo muntu yaramaze gutora mitende bimwe biboneka,mugihe hari haheze amezi 18 adafata imiti yo gupfupfahaza ico kiza.

Prof.Ravindra Gupta,amenyesha ko bakoze ibipimo vyose bishoboka kugira barabe neza ko atandwara ya SIDA yoba agifise,ariko ibipimo vyose vyatweretseko atamugera wa SIDA uwo murwayi agifise.

Uwo muntu yakize iyo ndwara akaba atavuzwe imyidondoro yiwe,ariko bakaba bamwise umurwayi w’i Londeres,ndetse akaba abaye umuntu agira kabiri kw’isi yemejwe n’abaganga ko yakize ikiza ca SIDA,Inyuma y’imyaka cumi habonetse uwundi muntu abaganga bemeje ko yakize ico kiza SIDA.

You may also like...