Amerika yashikanye ibirwanisho vya Missilles Patriots muri Irak kugira ihangane na Iran.

Igihugu  ca reta zunze ubumwe za Amerika kimenyesha ko catanguye gushikana ibirwanisho vyo mubwoko bwa Missilles Patriots mu gihugu ca Irak,muntumbero yokwitegurira igitero gishobora gukorwa n’igihugu ca Iran kungabo za Amerika ziri muri ico gihugu ca Irak.

Isanamu yerekana ibirwanishi vya Missilles Patriots z’abanyamerika zashikanywe muri Irak.

Kenneth McKenzie,arongoye ingabo za Amerika muri Irak,yamenyesheje kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 10 Ntwarante 2020,ko igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika camaze gutangura gushikana mu gihugu ca Irak ibirwanisho vyo mubwoko bwa missilles patriots kugira bashobore guhangana n’igitero gishobora gukorwa n’igihugu ca Iran kubirindiro vyabo biri ngaho muri Irak.

Igihugu ca Iran kikaba cabandanije kimenyesha ko gitegerezwa kwihorera umusirikare wabo,General Qassem Soleimani,yagandaguwe n’ingabo za Amerika mugihe yari mu rugendo mu gihugu ca Irak muntango z’ukwezi kwa mbere muruyu mwaka wa 2020.

Inyuma y’igandagurwa rya General Qassem Soleimani,ingabo za Iran zarakoze ibitero vya Missilles kubirindiro vy’ingabo za reta zunze ubumwe za Amerika zisanzwe ziri muri Irak,ndetse abasirikare batari bake bakaba barahasize ubuzima.

Kenneth McKenzie akaba yamenyesheje ko,ivyo birwanisho vyo mu bwoko bwa Missilles Patriots bizofasha cane gusambura Missilles canke indege yose yogerageza gutera ibirindiro vyabo biri ngaho mu gihugu ca Irak,kuko bifise ubuhinga budasanzwe vyo kubona umwansi akiri kure nokumuzimanganya atarashika kuco yipfuza.

You may also like...