Jacques Bigirimana na bagenziwe,bagiye kwitura sentare yubahiriza ibwirizwashingiro.

Inyuma yaho kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 10 Ntwarante 2020,umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI,ushiriye ahabona abantu batandatu bemerewe kwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu ,mu matora yo kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020,bamwe mubankiwe kwitoza bamaze kumenyesha ko bagiye kwitura sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwashingiro.

Jacques Bigirimana,Domisiyano Ndayizeye na Anicet Niyonkuru bagiye kwitwara muri sentare yubahiriza ibwirizwashingiro.

Mukiganiro yatanze kubanditsi n’abamenyeshamakuru kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 11 Ntwarante 2020,umukuru w’umugambwe FNL,Jacques Bigirimana,umwe mubankiwe n’umugwi CENI kwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu,yamenyesheje ko agiye kwitura sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwashingiro ndetse atsinda canke atsindwa muri urwo rubanza,umugambwe wiwe ntuzokwidohora mu matora adaheze.

Domisiyano Ndayizeye,nawenyene yankiwe n’umurwi CENI kwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu,yamenyesheje ko yaguye mugahundwa yumvise ko umurwi CENI wamukuye k’urutonde rw’abazohiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu,ariko akaba yamenyesheje ko agiye kwitura sentare yubahirizwa ibwirizwashingiro kandi arizeye neza ko izomutunganiriza.

Umukuru w’umugambwe CDP,Anicet Niyonkuru,nawenyene ari mubankiwe kwitoza mu kibanza c’umukru w’igihugu yamenyeshe kuruyu wa kabiri ko agiye kwitura sentare,ndetse akaba yasavye abanywanyi biwe kuguma batekanye.

Mwokwibuka ko abemerewe kwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije ari :

  1. Gen.Evariste Ndayishimiye azoserukira umugambwe CNDD-FDD,
  2. Hon.Agathon Rwasa azoserukira umugambwe CNL,
  3. Gaston Sindimwo azoserukira umugambwe UPRONA,
  4. Leonce Ngendakumana azoserukira umugambwe FRODEBU,
  5. Dieudonne Nahimana azokwitoza nk’uwigenga,
  6. Francis Rohero azokwitoza nk’uwigenga.

You may also like...