Cristiano Ronaldo na Juventus bari muyabira inyuma yaho Coronavirus ifatiye umwe mubakinyi.

Mu gihugu c’ubutaliyano,inkino zose zimaze guhagarikwa kubera gutinya ikiza ca Coronavirus,ndetse kikaba catanguye no kwibonekeza muri bamwe mubakinyi .

Kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 11 Ntwarante 2020,niho ibipimo vyerekana ko Danielle Rugani,umukinyi w’umurwi wa Juventus yanduye ikiza ca Coronavirus,ndetse bikaba vyatumye abakinyi bose b’uwo murwi batangura gukorerwa ibipimo kugira barabeko atabandi boba barandujwe n’uwo mukinyi.

K’umusi w’Imana,umukinyi Danielle Rugani yari kuntebe y’abasubirizi mu rukino rwariko rurahuza umurwi wiwe wa Juventus hamwe n’umurwi wa Inter Milan,ndetse uwo murwi wa Juventus ukaba ariwo watahukanye intsinzi.

Imbere y’urwo rukino n’inyuma y’urwo rukino,abakinyi bose ba Juventus barahuriye mukibanza basanzwe bambariramwo impuzu,ivyo bigasigurako hamwe Danielle Rugani yoba yaramaze kwandura ico kiza ca coronavirus ashobora kubayaracanduje na bagenziwe basanze bakinana.

Inyuma yaho hamenyekaniye amakuru avuga ko Danielle Rugani yanduye ikiza ca Coronavirus,haciye hafatwa ingingo ivuga ko abakinyi bose b’umurwi wa Juventus hamwe n’abakinyi b’umurwi wa Inter Milan bose bakorerwa ibipimo ndetse bagashirwa kure y’abandi bantu kugira babanze barabeko atabwo banduye ico kiza.

Mwokwibuka igihugu c’ubutaliyana arico kibangamiwe cane n’ikiza ca Coronavirus gusumba ibindi bihugu vyose vyo k’umugabane w’uburayi kuko kimaze guhitana abantu 827.

You may also like...