uBurundi bwafashe izindi ngingo ruhasha zo kwikingira ca kiza ca Coronavirus.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi,bwafashe izindi ngingo muntumbero yo gukingira Abarundi ca kiza Coronavirus.

Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu.

Mw’itangazo ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA,bwashize ahabona kuruyu wa kane,igenekerezo rya 12 Ntwarante 2020,bwamenyesheje ko abantu bava mu bihugu bisanzwe bivurwamwo ikiza ca Coronavirus bategerezwa kubandanya gushikira mukibanza cabigenewe mugihe baba bavuye muri ivyo bihugu mungendo zitandukanye.

Ubwo bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bukaba bwari bwamenyesheje mundwi iheze ko abantu bavuye mu bihugu vy’ubushinwa (Chine),ubudage (Allemagne),ubutaliyano (Italie),Coreya yepfo (coree du sud),Irani (Iran),ubufaransa (France),ubuyapani (Japon),hamwe na Espagne ko bategerezwa gushikira mukibanza cabigenewe ca hoteri ya Source du Nil, bakahamara imisi  14 kugira babanze basuzumwe neza ko bataje bazanye ikiza ca coronavirus ngaha mu Burundi.

Hejuru yiyo ngingo,ubushkiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi,bwongeyeko abantu bose bavuye mu bihugu vyo k’umugabane w’uburayi bose bategerezwa nabonyene gushikira mukibanza co kuri Hotel Source du Nil cagenewe kwakira abantu bavuye mu bihugu bivurwamwo ikiza ca Coronavirus.

Kuva hafashwe iyo ngingo,ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi,bwamenyesheje ko abantu 34 bavuye mu bihugu bivurwamwo ikiza ca coronavirus bamaze gushirwa muri ico kibanza co kuri Hotel Source du Nil kugira basuzumwe neza ko atakiza ca coronavirus baje bazanye,ndetse bakazohamara imisi 14 .

Mwokwibuka ko,gushika kuruyu wa kane,igenekerezo rya 12 Ntwarante 2020,atamurundi numwe arafatwa nico kiza ca coronavirus.

You may also like...