Umushikiranganji wa mbere wa Canada n’umugore wiwe biketse kuba banduye Coronavirus.

Mu gihugu ca Canada harangwa ubwoba budasanzwe,inyuma yaho hasohokeye amakuru avuga ko umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu hamwe n’umutambukanyi wiwe bakekwa kuba bamaze kwandura ca kiza ca Coronavirus.

Justin Trudeau n’umutambukanyi wiwe.

K’umugoroba wo kuruyu wa kane,igenekerezo rya 12 Ntwarante 2020,niho hatangura gusohoka amakuru avuga ko umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Canada,bwana Justin Trudeau hamwe n’umutambukanyi wiwe Sophie Gregoire Trudeau boba bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus,ndetse bakaba bamaze kugaranirwa murugo iwabo.

Justin Trudeau akaba yamenyesheje ko biketse ko boba bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus kuko umutambukanyi wiwe Spophie aguma yerekana ibimenyetso vy’umuntu afise ikiza ca coronavirus,inyuma yaho atahukiye avuye murugendo mu gihugu c’ubwongereza.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Canada,Justin Trudeau akaba yarasanzwe afise inama kuruyu gatanu,igenekerezo rya 13 Ntwarante 2020,mu gisagara ca Ottawa, n’abasanzwe barongoye ibisagara bitandukanye ariko,mu biro vy’umushikiranganji wa mbere bakaba bamaze kumenyesha ko iyo nama itakibaye.

Amakuru atangwa n’abakora mu biro vy’umushikiranganji wa mbere,avuga ko kuva kuruyu wa gatatu,umushikiranganji Justin Trudeau atarava murugo rwiwe,ariko amagara yiwe akaba ameze neza kiretse umutambukanyi wiwe afise ibimenyetso vya coronavirus,ariko bakaba barindiriye ibizova mubipimo vy’abaganga.

You may also like...