Ubushinwa bwagiriza Amerika kuba ariyo yabazaniye umugera wa Coronavirus.

Ikibazo c’ikiza ca coronavirus kigiye gutuma imigenderanire y’igihugu c’ubushinwa hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika itosekara,inyuma yaho igihugu c’ubushinwa cagirije Amerika kuba ariyo yabateje ikiza ca coronavirus.

Zhao Lijian,umuvugizi m’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu w’ubushinwa.

Abicishije k’urubuga rwiwe rwa Twitter,Zhao Lijian,umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu w’ubushinwa,yamenyesheje ko ikiza ca coronavirus gishobora kuba cinjijwe mu gihugu c’ubushinwa n’abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika,mugihe baheruka mu mahiganwa mukwezi kwa Gitugutu 2019, mugisagara ca Wuhan,ngaho mu gihugu c’ubushinwa.

Zhao Lijian,akaba amenyesha ko,atamunyamerika numwe arwaye ico kiza ca coronavirus,arinaco gituma umukuru w’ico gihugu bwana Donald Trump yama ariko arabwira abanyamerika ko ico kiza kidateranye ubwoba muri reta zunze ubumwe za Amerika.

Ayo makuru aza yiyongera kuyandi makuru yaheruka kumenyeshwa na Zhong Nanshan,umushinwa akongera akaba n’umuhinga mubijanye no kuvura indwara zoguhema,yaheruka kumenyesha ko bishoboka ko ikiza ca coronavirus gishobora kuba cazananye mukindi gihugu kuko isoko ryaco ritigeze rimenyekana.

Kurundi ruhande,igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,kibicishije k’umunyamabanga mukuru wa reta,Mike Pompeo,kimenyeshako ikiza ca Coronavirus cazananye mu gihugu c’ubushinwa,ndetse wewe akaba ayita Virus ya Wuhan,ndetse ivyo bikaba vyababaje abashinwa.

Mwokwibuka ko ikiza ca Coronavirus catanguye kwibonekeza kuncuro ya mbere  mu gihugu c’ubushinwa muntara ya Wuhan,muntango z’ukwezi kwa Nzero 2020.

You may also like...