Umuntu wa mbere afise Coronavirus yamaze kuboneka muri Kenya.

Ikiza ca Coronavirus camaze gushika mu karere k’umuryango ugize ibihugu vya Africa y’ubuseruko EAC, (East African Community).

Umuntu wa mbere arwaye ikiza ca Coronavirus yamaze kuboneka mu gihugu  kibanyi ca Kenya nkuko bimenyeshwa  n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri ico gihugu.

Kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 13 Ntwarante 2020,Mutahi Kagwe,umunyamabanga ntayegeyezwa m’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Kenya ,yamenyesheje ko umuntu wa mbere arwaye ikiza ca coronavirus yamaze kuboneka muri ico gihugu.

Mutahi Kagwe akaba yamenyesheje ko uwo muntu basanze arwaye ikiza ca coronavirus ari umwenegihugu wa Kenya yaraherutse kuva mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,aho yaciye no mu gihugu c’ubwongereza,ndetse akaba ariko arakurikiranwa n’abaganga kubitaro vyitwa Kenyatta National Hospital’s Infectious Disease Unit.

Igihugu ca Kenya akaba arico kibaye ica mbere mu bihugu bigize umuryango wa Africa y’ubuseruko cibonekejemwo ikiza ca coronavirus.

You may also like...