Uwundi mutegetsi akomeye muri Australiya yafashwe na ca kiza ca Coronavirus.

Ikiza ca Coronavirus,catanguye kubangamira abategetsi bakomakomeye cane kumpande zose z’isi,inyuma yaho hamenyekaniyeko abashikiranganji basanze baranduye ikiza ca coronavirus mu bihugu vy’ubufaransa na Irani,vyamenyekanye ko umushikiranganji w’igihugu ca Australiya ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yamaze kwandura ico kiza.

Peter Dutton,umushikiranganji wa Australiya yafashwe na coronavirus

Mugatondo ko kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 13 Ntwarante 2020,niho hamenyekana ko Peter Dutton,umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu ca Australiya yamaze kwandura ikiza ca Coronavirus,ndetse akaba yamaze gushirwa mukibanza ca wenyene.

Gushika kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 13 Ntwarante,ibitigiri vy’abantu bamaze kwandura ikiza ca coronavirus mu gihugu ca Australiya bigeze kuri 184,ndetse bikaba vyiyongera uko umusi uheze.

Peter Dutton akaba ariwe mutegetsi akomeye cane muri ico gihugu yamaze kumenyekana ko yanduye ikiza ca coronavirus,ndetse bikaba vyatumye muri ico gihugu hibonekeza ubwoba budasanzwe kubera ico kiza.

You may also like...