Abanywanyi ba FNL baravuze igituma bahisemwo gushigikira Ge.Evariste Ndayishimiye:Video

Umugambwe FNL,urongowe na Jacques Bigirimana,waraye umenyesheje icese ko ugiye gushigikira General Evariste Ndayishimiye yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD mu matora yo kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020 mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Abanamarimwe b’umugambwe FNL aho bari mw’ikoraniro ridasanzwe ry’uwo mugambwe.

Mw’ikoraniro kamibuza ry’uwo mugambwe ryabereye mu ntara ya Gitega kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 14 Ntwarante 2020,umukuru w’umugambwe FNL,yariyasizwe imbere n’abanamarimwe b’uwo mugambwe kugira aze yitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu,yamenyesheje ko asokoye mubijanye no kwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu,ndetse n’urubanza yariyajanye muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa shingiro akaba yaciye amenyesha ko arusokoye.

Inyuma yokumenyesha ko asokoye mukwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020,Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL,yahamagariye abanamariwe b’umugambwe FNL kuzohunda amajwi Gen.Evariste Ndayishimiye yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD.

Mwokwibuka ko,umurwi w’igihugu wigenga ujejwe kugutegura amatora CENI waheruka kumenyesha ko ,dossier ya Jacques Bigirimana idakwije ibisabwa kugira ashobore kuronswa uburenganzira bwokwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu.

Irabire video aho abanamarimwe bavuga icatumye bashigikira Gen.Evariste Ndayishimiye

You may also like...