Coronavirus yafashe umutegetsi akomeye muri Maroc,abanyagihugu bagira agashavu.

Ikiza ca Coronavirus kibandanya gufata abategetsi bakomakomeye bo kumpande zose zisi,ndetse abanyagihugu bakaba batanguye kugira amakenga.

Umushikiranganji Abdelkader Amara,yanduye coronavirus muri Maroc.

Kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 14 Ntwarante 2020,ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Maroc bwaramenyesheje ko umushikiranganji ajejwe ivyo gutwara abantu n’ibintu muri ico gihugu,bwana Abdelkader Amara, yamaze kwandura ikiza ca Coronavirus.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ngaho mu gihugu ca Maroc,bwamenyesheje ko Abdelkader Amara,yafashwe n’ikiza ca Coronavirus,inyuma y’imisi mike avuye mubihugu bitandukanye vy’uburayi aho yari mungendo z’akazi.

Inyuma yiryo tangazo,abanyagihugu ba Maroc,baneguye ingendo y’abategetsi babo,aho bamenyesha ko bitumvikana ingene abategetsi babandanya gukora ingendo muri ivyo bihugu bisanzwe biriko biravurwamwo ikiza ca Coronavirus,mugihe babujije abanyagihugu kubandanya baja muri ivyo bihugu.

Mwokwibuka ko,igihugu ca Maroc,ari kimwe mu bihugu vyo k’umugabane wa Africa catanguye kwibonekezamwo ikiza Coronavirus,ndetse ibitigiri vy’abamaze kwandura ico kiza muri ico gihugu bikaba bigeze kubantu 17.

You may also like...