Cristiano Ronaldo yahinduye hotel ziwe ibitaro vyokwakira abarwaye Coronavirus.

Umukinyi w’igihangange w’umupira w’amaguru,Cristiano Ronaldo,yamuka mu gihugu ca Portugal,ndetse akaba asanzwe akinira umurwi wa Juventus wo mu gihugu c’ubutaliyano,yatanze inyubakwa za hotel ziwe kugira zihindurwe ibitaro bigiye kwakira abantu bose barwaye ikiza ca Coronavirus mu gihugu ca Espagne.

Amakuru atangwa n’ibimenyeshamakuru bitandukanye ngaho mu gihugu ca Espagne,avuga ko ,umukinyi Cristiano Ronaldo yafashe iyo ngingo muntumbero yokugerageza gufasha mukurwanya ikiza ca Coronavirus kiriko kirasasika inganda mu bihugu bitandukanye vyo k’umugabane w’uburayi.

Cristiano Ronaldo akaba yemeye no ko ariwe azohemba abaganga bose bazoba bariko barafasha abarwayi muri ayo mahoteri yiwe ngaho mu gihugu ca Espagne,ndetse abarwayi bose bazovurwa k’ubuntu imisi yose bazomara muri ivyo bitaro.

Bikaba bitegekanijwe ko ayo mahoteri azotangura gukora nk’ibitaro kuva kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 16 Ntwarante 2020.

Inyuma yaho inkino zihagarikiwe mu gihugu c’ubutaliyano,umukinyi Cristiano Ronaldo n’umuryango wiwe baciye basubira mu gihugu ca Portugal,mugisagara ca Madeira,aho bari mukibanza ca bonyene muntumbero yokurindira ibizova mubipimo kugira barabeko banduye cank e batanduye ikiza ca coronavirus kubera umwe mubakinyi bahora bakinana basanze yaranduye ico kiza.

Mwokwibukako Cristiano Ronaldo yaheruka kumenyesha ko ahangayikishijwe n’ibiriko biraba kw’isi kubera ikiza ca Coronavirus,ndetse akaba yasavye abantu bose gukurikiza impanuro zitangwa n’abajejwe amagara y’abantu mu bihugu vyose.

You may also like...