Inyuma yokugara amashure n’amashengero,abandura Coronavirus mu Rwanda biyongereye.

Inyuma y’utwigoro tudasanzwe twokugara amashure n’amashengero muntumbero yokwikingira ikiza ca Coronavirus,ibitigiri vy’abandura ico kiza bibandanya kwiyongera ngaho mu gihugu c’uRwanda.

Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Rwanda,rivuga ivyabanduye coronavirus.

K’umugoroba wo kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020,ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu gihugu c’uRwanda,bwamenyesheje ko hari abandi bantu 4 ibipimo vyerekanye ko bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus,inyuma y’amasaha 24 gusa gitanguye kuvurwa muri ico gihugu.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ngaho mu gihugu c’uRwanda,bamenyesheje ko abo bantu bane bamenyekanye ko banduye Coronavirus,bagizwe n’abanyarwanda batatu,hamwe n’umugande umwe.

Abantu batatu muri bane baraye bamenyekanye ko banduye ikiza ca Coronavirus,bari baherutse mungendo zitandukanye mu mahanga,ariko uwugira kane,ntabwo yaraheruka gusohoka igihugu c’uRwanda.

Mwomenya ko,gushika kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020,mu gihugu c’uRwanda hamaze kumenyekana abantu 5 banduye coronavirus.

Twobibutsa ko,inyuma yaho hibonekereje umuntu wa mbere afise ikiza ca Coronavirus,kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 14 Ntwarante 2020,abategetsi muri ico gihugu c’uRwanda bakaba baciye bafata ingingo yo gutahukana abanyeshure bose mu miryango yabo,ndetse bahagarika n’ibikorwa vyo gusengera munsengero ivyimfatakibanza muntumbero yo kugerageza guhangana nico kiza ca coronavirus.

You may also like...