Kubera Coronavirus,Abarundi basabwa guhagarika guhoberana no kuramukanya mu minwe.

Kubera ikiza ca coronavirus,ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi,busaba Abarundi bose kwirinda guhoberana canke kuramukanya bakoranye mu minwe.

Dr Thaddée Ndikumana,umushikiranganji w’amagara y’abantu mukiganiro n’abamenyeshamakuru.

Ivyo vyamenyeshejwe na Dr Thaddée Ndikumana,umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu Burundi,mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshhamakuru kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 16 Ntwarante 2020.

Umushikiranganji Dr Thaddée Ndikumana,akaba yamenyesheje ko,ubwo bushikiranganji bwafashe ingingo ivuga ko,ingenzi zivuye mu bihugu vya reta zunze ubumwe za Amerika,Autriche hamwe n’ubwongereza,nazonyene zitegerezwa gushikira mukibanza co kuri hoteri ya Source du Nil kugira bashobore gukurikiranwa imisi 14 kugira barabeko atakiza ca Coronavirus boba bazanye.

Muri ico kiganiro,umushikiranganji Dr Thaddée Ndikumana,yahumurije Abarundi ko gushika kuruyu wa mbere ata muntu numwe agwaye ikiza ca Coronavirus araboneka mu Burundi,ariko akaba yabasavye kwiyubara bakubahiriza ibisabwa kugira birinde ikiza ca Coronavirus,ahanini bagakaraba n’isabune hamwe n’amazi meza.

Kubijanye n’amakenga kubanyeshure bavuye mu gihugu c’uRwanda,umushikiranganji Dr Thaddée Ndikumana,yamenyesheje ko barungitswe mu miryango yabo,kubera basanze atakimenyetso nakimwe c’indwara ya Coronavirus bafise.

You may also like...