Mu matora ya 2020,abamenyeshamakuru basabwa gutangaza ibizoshikirizwa na CENI gusa.

Mu matora azoba mu gihugu c’uBurundi,kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020,abamenyeshamakuru basabwe kuzotangaza ibiharuro bizoba vyatanzwe n’umurwi CENI,ujejwe gutegura amatora.

Bamwe mubamenyeshamakuru bitavye umwiherero mu ntara ya Muramvya.

Ivyo vyavugiwe mu mwiherero uriko urabera mu ntara ya Muramvya kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 16 Ntwarante 2020,wahuje abamenyeshamakuru,abarongoye ibimenyeshamakuru hamwe n’ubushikiranganji bujejwe ukumenyesha amakuru mu Burundi.

Muri uwo mwiherero uzohera kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 17 Ntwarante 2020,ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru mu Burundi,bwasavye abamenyeshamakuru kwirinda gushikiriza amakuru adatohoje neza muri ikigihe igihugu c’imirije amatora,ndetse bakaba bagiriyeko basaba abamenyeshamakuru bose kwiyubara k’umusi w’amatora bakazoshikiriza ibiharuro bizoba vyatanzwe n’abajejwe umurwi utegura amatora.

Abamenyeshamakuru bakaba basabwe kuzinduka k’umusi w’amatora baja aho abantu bazoba bariko baratorera kugira amatora azotangure bazi neza ibitigiri vy’abantu bategekanijwe gutorera mukibanza iki canke kiriya kuko vyagiye biribonekeza mu matora yagiye araba ko abamenyeshamakuru bashika kurubuga bacerewe bigatuma bavuga amakuru adatohoje neza.

Mugihe hazoba hatanguye igikorwa co guharura ivyavuye mumatora,abamenyeshamakuru basabwa gutangaza ibiharuro bizoba vyatanzwe n’umurwi CECI,ujejwe gutegura amatora mw’ikomine,ivyatanzwe n’umurwi CEPI,ujejwe gutegura matora ku rwego rw’intara hamwe n’ibitigiri bizoba vyatanzwe n’umurwi CENI,ujejwe guregura amatora ku rwego rw’igihugu.

You may also like...