Kubera Coronavirus,ingendo zimwe zimwe zohanze z’abategetsi b’Abarundi zahagaritswe.

Muntumbero yo kwikingiria ikiza ca Coronavirus giteye ubwoba isi yose,reta y’uBurundi yaraye ifashe ingingo yoguhagarika ingendo zimwe zimwe  zohanze y’igihugu c’uBurundi,z’abategetsi batandukanye .

Itangazo rya reta y’uBurundi.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga akongera akaba n’umuvugizi wa reta y’uBurundi kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 16 Ntwarante 2020, Prosper Ntahorwamiye,reta y’uBurundi yahagaritse ingendo zose zakorwa n’abategetsi batandukanye hanze y’igihugu c’uBurundi,muntumbero yo kwikingira ikiza ca Coronavirus.

Iryo tangazo rikaba rimenyesha ko harekuwe gusa ingendo zo kurwego rwo hejuru,naho nyene uruhusha rwogusohoka rukazotangwa n’abategetsi bo kurwego rwo hejuru mugihe boba babona ko urwo rugendo ari nkenerwa cane ku gihugu c’uBurundi.

Twobibutsa ko,gushika kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 18 Ntwarante 2020,atamuntu arwaye ikiza ca Coronavirus aribonekeza mu gihugu c’uBurundi,ariko abajejwe amagara y’abantu bakaba basaba abanyagihugu kwijukira gukaraba mu minwe muntumbero yo kwikingira ikiza ca Coronavirus.

You may also like...