Coronavirus yafashe umushikiranganji muri Congo,abagize reta bose baca bategekwa kwipimisha.

Ikiza ca Coronavirus,cazananye umuvuduko udasanzwe mu gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta ibipimo vyerekanye ko yamaze kwandura.

Kuruyu wa kane,igenekerezo rya 19 Ntwarante 2020,niho vyamenyekana ko Acacia Bandubola,umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta ngaho mu gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yanduye ikiza ca Coronavirus.

Acacia Bandubola,akaba amenyekanye ko yanduye ikiza ca Coronavirus,inyuma y’amasaha 48 gusa yaraheze atanguye kumva atameze neza,ndetse akaba yari yashikanywe kwa muganga kugira bamukurikirane.

Uwo mushikiranganji akaba yashizwe mukibanza citaruye,aho arikumwe n’umugabo wiwe,ndetse nawe nyene bikaba bikekwa ko yoba yaramaze kwandura ico kiza,ariko bakaba barindiriye ibiharuro bizotangwa n’ibipimo.

Ikiza ca Coronavirus kikaba cazananye umuvuduko udasanzwe,kuko ibitigiri vy’abamaze kwandura bimaze gushika kuri 14 inyuma y’imisi mike cane iyo ngwara imaze gushika muri ico gihugu.

Inyuma yaho bimenyekaniye ko umushikiranganji Acacia Bandubola,yanduye coronavirus,ubwoba bwateye mubategetsi batandukanye kuko abenshi baheruka kubonana nawe,ndetse bikaba bivurwa ko abashikiranganji bose bagize reta basabwe kwipimisha ico kiza kuko baheruka kubonana mu nama nshikiranganji yabaye kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2020,ndetse Acacia Bandubola akaba yari yayitavye.

You may also like...