Coronavirus imaze guhitana abantu benshi mugihugu c’ubutaliyano gusumba mubushinwa.

Ikiza ca Coronavirus caje kitavyorosha mu bihugu vyo k’umugabane w’uburayi,ibitigiri vy’abantu bamaze guhitanwa n’ikiza ca Coronavirus mu gihugu c’ubutaliyano,bisumba ivy’abahitanywe n’ico kiza mu gihugu c’ubushinwa.

Isanamu yerekana abantu bakitswe n’amagara kubera coronavirus mu gihugu c’ubutaliyano.

Mucegeranyo cakozwe kuruyu wa kane,igenekerezo rya 19 Ntwarante 2020,ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi ryamenyesheje ko igihugu c’ubutaliyano arico kiza kw’isonga y’ibihugu coronavirus imaze guhitana abantu benshi gusumba ahandi.

Ishirahamwe mpuzamakungu OMS,ryamenyesheje ko gushika k’umusi w’ejo,mu gihugu c’ubutaliyano,ikiza ca Coronavirus cari kimaze guhitana abantu bashika 3404,mugihe mu gihugu c’ubushinwa aho ico kiza catanguriye cari kimaze guhitana abantu bashika ku 3245.

Mu gihugu c’ubushinwa,ibiharuro bibandanya kwerekana ko ico kiza kiriko kigenda kiratakaza inguvu,kuko ibitigiri vy’abandura bigenda birapunguka kurugero rushimishije,ndetse n’abaganga bafashije mukurwanya ico kiza ngaho mu gihugu c’ubushinwa bakaba barungitswe mu gihugu c’ubutaliyano kugira bashobore gufasha kuko ibitigiri vy’abapfa n’abandura babandanya biyongera kurugero rudasanzwe.

OMS,ikaba yamenyesheje ko abantu bamaze guhitanwa n’ikiza ca Coronavirus kw’isi yose bamaze kurenga 10.000,ndetse atagikozwe ibitigiri bitegerezwa kubandanya vyiyongera kuko ibindi bihugu bibandanya bishikirwa nico kiza.

You may also like...