Hafashwe izindi ngingo kubantu bari hanze bashobora kwinjiza Coronavirus mu Burundi.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu no kurwanya SIDA mu Burundi,bwafashe ingingo nshasha kubantu bari hanze y’igihugu bashobora kwinjiza ikiza ca Coronavirus mu Burundi.

Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi.

Mukiganiro yatanze kubamenyeshamakuru kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 20 Ntwarante 2020,umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu no kurwanya SIDA mu Burudi,Muganga Thaddee Ndikumana,yashize ahabona itangazo rihamagarira Abarundi n’abanyamahanga basanzwe baba mu gihugu c’uBurundi ariko basanzwe barihanze muri kino gihe kuba barabangiriye gutahuka mu Burundi.

Imvo yatumye ubwo bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi,bufata iyo ngingo,nukugira bubanze burondereikindi  kibanza bashobora gushikizwamwo kugira babanze bakurikiranwe ko ata kiza ca Coronavirus baje bazanye.

Ubwo bushikiranganji bukaba bwamenyesheje ko,uwuzorenga kuri iyo ngingo wese kuva kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 20 Ntwarante 2020,azoca ariha amahera yose azoba yakoreshwejwe mukibanza bazoba bamushikijemwo hamwe nivyo azohafungurira vyose.

Muganga Thaddee Ndikumana akaba yibukije abarundi n’abanyamahanga basanzwe bari ngaha mu Burundi kubahiriza impanuro bahawe mukwirinda kwandura ikiza ca Coronavirus,izo nazo zikaba ari :

  • Gukaraba n’amazi meza hamwe n’isabune,
  • Kwirinda guhoberana canke guhana iminwe mukuramukanya

You may also like...