Igihugu ca Cuba carungitse abaganga m’ubutaliyano gufasha kurwanya Coronavirus.

Igihugu ca Cuba carungitse abaganga  52 mu gihugu c’ubutaliyano muntumbero yogufasha kurwanya ikiza ca Coronavirus kiriko kirasasika inganda muri ico gihugu.

Abaganga bo muri Cuba mugihe bagomba bafate urugendo baja mubutaliyano.

Kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 21 Ntwarante 2020,niho ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Cuba bwamenyesha ko burungitse abahinga b’abaganga bagiye gufasha kurwanya ikiza ca Coronavirus mu gihugu c’ubutaliyano.

Mugihe bariko baritegura kugira bafate urugendo baja mu gihugu c’ubutaliyano,Leonardo Fernandez,arongoye uwo murwi w’abaganga bo mu gihugu ca Cuba bagiye gufasha kurwanya Coronavirus yagize ati :”Ntamuntu numwe adafise ubwoba bw’ikiza ca Coronavirus,ariko ntayandi mahitamwo dufise,dutegerezwa kurengera ubwoba tukagira ico dukoze,kuko hatagize ico dukoze twese tuzoshikirwa n’ingaruka.”

Gushika kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 21 Ntwarante 2020,igihugu c’ubutaliyano nico kiza kwisonga y’ibihugu bibangamiwe n’ikiza ca Coronavirus kw’isi yose,kuko abamaze kwica n’ico kiza muri ico gihugu bamaze gushika kuri 4,825,mugihe mu gihugu c’ubushinwa aho ico kiza catanguriye ibiharuro vy’abahitanwa nico kiza bisa n’ibigenda birapunguka,ariko bikaba bigeze kuri 3,261.

Mwokwibuka ko,igihugu ca Cuba gisanzwe gifise umugenzo wokurungika abaganga b’abahinga gufasha kuvura mu bihugu bitandukanye,kuko mu mwaka wa 2010,bararungitse abaganga kuza gufasha gutuza ikiza ca Ebola mu bihugu vyo muri Africa y’uburengero,aho ico kiza cariko kirasasika inganda.

You may also like...