Imfashanyo y’ibikoresho vyo kurwanya Coronavirus yemewerewe Africa yashitse kuruwo mugabane.

Imfashanyo igizwe n’ibikoresho bitandukanye vyo kugerageza guhangana n’ikiza ca Coronavirus yemerewe ibihugu 54 vy’Africa,yamaze gushikanwa kuri uwo mugabane.

Aho ivyo bikoresho vyo guhangana na coronavirus vyashikanwa mu gihugu ca Ethiopiya.

Kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 22 Ntwarante 2020,niho imfashanyo igizwe n’ibikoresho bitandukanye vyo kugerageza guhangana n’ikiza ca Coronavirus yemewerewe ibihugu 54 vyo k’umugabane wa Africa yashikanwa mu gihugu ca Ethiopiya.

Abicishije kurubuga rwa Twitter,Abiy Ahmed Ali,umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopiya,yamenyesheje ko ibikoresho vyemewe n’umugwizatunga w’umushinwa,Jack Ma, muntumbero yo kurwanya ikiza ca Coronavirus k’umugabane wa Africa vyamaze gushikanwa mu gihugu ca Ethiopiya.

Iyo mfashanyo ikaba igizwe n’ibikoresho vyo gupima ikiza ca Coronavirus,udutambara twokwifuka kumazuru,hamwe n’ivyo abaganga bambara mugihe baba bariko baravura abantu bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus.

Abey Ahmed,akaba yamenyesheje ko,kuva kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 23 Ntwarante,ivyo bikoresho bizotangura gushikanwa mu bihugu bitandukanye vyose vyo k’umugabane wa Africa.

Mwokwibuka ko,mundwi iheze,umurwizatunga w’umushinwa azwi kumazina ya Jack Ma,yari yamenyesheje ko agiye gutanga imfashanyo y’ibikoresho vyo guhangana n’ikiza ca Coronavirus kubihugu 54 vyose bigize umugabane wa Africa muntumbero yo gufashanya mukurwanya ico kiza.

Amajambo yanditswe na Abiy Ahmed amenyesha ko ibikoresho vyemewe na Jack Ma vyamaze gushika mu gihugu ca Ethiopiya

You may also like...