Kubera yarenze amategeko yokwirinda Coronavirus,umupatiri yashingiye abageni ari muyabira.

Mugihugu c’ubugande,umukozi w’Imana wo mw’ishengero rya Ekleziya Gatorika yarenze amategeko yo kwirinda ikiza ca Coronavirus ashingira abageni none ari muyabira.

Isanamu yerekana ikibanza bafatiyemwo umukozi w’Imana yashingiye abageni.

Kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 23 Ntwarante 2020,igipolisi c’ubugande cataye muri yompi umupatiri wo kuri paroisse ya Kyakajumbi,yashingiye abageni bubatse urwabo kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 21 Ntwarante 2020,kubera ko yarenze amategeko  mashasha yashizweho muri ico gihugu muntumbero yo kwikingira ikiza ca Coronavirus.

John Kyamanywa,arongoye agace ka Kikwaya,ahabereye ubwo bugeni,yamenyesheje abamenyeshamakuru ko ariwe yahaye amakuru igipolisi kugira gifate uwo mukozi w’Imana kuko ubwo bugeni bwarimwo abantu benshi,mugihe hasohotse amategeko ahagarika ugukoranira kw’abantu benshi mukibanza kimwe muntumbero yokwikingira ikiza ca Coronavirus.

Kuruyu wa gatandatu,ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ngaho mu gihugu ca Uganda bwamenyesheje ko,umuntu wa mbere yamaze kumenyekana ko yanduye ikiza ca Coronavirus muri ico gihugu.

Mwokwibuka ko,k’umusi wa gatatu,igenekerezo rya 18 Ntwarante 2020,Yoweri Kaguta Museveni,yamenyesheje ko amashengero,amashure,amanama y’imigambwe hamwe n’ibindi bibanza vyose bihuriramwo abantu beshi vyugagwa mukiringo c’imisi 3 muntumbero yo kwikingira ikiza ca Coronavirus.

You may also like...