Magufuli avugako adashobora kugara amashengero n’imisigiti kubera Coronavirus.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,bwana Pombe Magufuli,yamenyesheje ko adashobora kugara amashengero n’imisigiti kubera ubwoba bw’ikiza ca Coronavirus.

Pombe Magufuli mugihe yari murushengero.

Mugihe yari yitavye amasengesho yo kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 22 Ntwarante 2020,umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,bwana Pombe Magufuli,yamenyesheje ko igihugu arongoye kitazofunga amashengero n’imisigiti kubera ikiza ca Coronavirus.

Kubwa Magufuli,abantu ntibotinya kuja gusenga Imana kubera gutinya ikiza ca Coronavirus kuko mumashengero no mu misigiti,niho hari ubukiriro bw’ukuri kuko niho hari Imana kanatsinda Coronavirus shetani adashobora  kwinjira mu mubiri wa Yesu,yoca aturirwa n’umuriro w’Imana.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,akaba afashe iyo ngingo yokureka amashengero n’imisigiti bikabandanya bikora ukuri kwamye,mu gihe mu bihugu bitari bike amashengero n’imisigiti,bimwe mu bibanza bikoraniramwo abantu benshi vyugawe mu ntumbero yo kwirinda ikiza ca Coronavirus.

Tubibutse ko,igihugu ca Tanzaniya camaze kwinjiranwa n’ikiza ca Coronavirus,ibitigiri vy’abanduye ico kiza bikaba vyageze kuri 12 nkuko vyatangajwe n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya mugatondo ko kuruyu w’Imana.

You may also like...