Uwundi mugambwe wahisemwo gushigikira Gen.Evariste Ndayishimiye yashizwe imbere na CNDD-FDD.

Mugihe igihugu c’uBurundi kiriko kiregereza kuja mu matora,imigambwe imwe imwe idafise abazoyiserukira mukibanza c’umukuru w’igihugu,yatanguye kumenyesha ko ishigikiye Gen.Evariste Ndayishimiye yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD kugira aze awuserukire mukibanza c’umukuru w’igihugu.

Umukuru w’umugambwe Sangwe -PADER mugihe yari mukiganiro n’abamenyeshamakuru.

Mukiganiro umukuru w’umugambwe Sangwe -PADER yaremesheje kubanditsi n’abamenyeshamakuru kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 23 Ntwarante 2020,yamenyesheje ko ahamagariye abanywanyi b’uwo mugambwe kuzotora Gen.Evariste Ndayishimiye yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD kugira aze awuserukire mukibanza c’umukuru w’igihugu,mu matora yimirije.

Ivyo,umugambwe Sangwe-PADER ukaba ubimenyesheje,inyuma yaho umugambwe FNL,urongowe na Jacques Bigirimana umenyesheje ko abanywanyi bawo bazotora Gen.Evariste Ndayishimiye yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD,inyuma yaho umugwi CENI ujejwe gutegura amatora mu Burundi ukuriye mw’ihiganwa Jacques Bigirimana kubera ko atarakwije ibisabwa.

Tubibutse ko,umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI,wamenyesheje ko amatora y’umukuru w’igihugu,abashingamateka n’abahanuzwa jambo b’amakomine ategekanijwe kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020.

You may also like...