Trump avugako guhagarika ibikorwa kubera coronavirus arivyo bibi gusumba ico kiza.

Umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,bwana Donald Trump,avuga ko guhagarika ibikorwa kubera gutinya ikiza ca Coronavirus arivyo bibi gusumba ico kiza.

Isanamu yerekana umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump.

Mukiganiro yatanze kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 24 Ntwarante 2020,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,bwana Donald Trump,yamenyesheje ko ukugaranira abantu mungo zabo ntibasubire gukora akazi arivyo bibi gusumba ico kiza ca Coronavirus kuko ugusubira inyuma muvyubutunzi bw’igihugu bituma haboneka ingaruka nyinshi gusumba ingaruka zoterwa n’abahitanywe na Coronavirus.

Donald Trump akaba yavuze ko bagiye gusubira kwihweza ingingo bari bafashe kugira vuba cane abanyamerika basubire kumirimo ya misi yose kugira igihugu ntikizohave kirwa muzindi ngorane zishobora kuba mbi cane gusumba coronavirus.

Kubwa Donald Trump,uko umwaka utashe,mugihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,abantu bashika 37.000 baricwa n’ingwara ya grippe,ariko ntibaca bahagarika ibikorwa.

Trump akaba yahamagariye abanyamerika kwitegura vuba cane bagasubira kubikorwa vyabo vya misi yose ariko nabonyene bakagerageza kubhiriza amategeko atangwa n’abaganga,bakazoza baririnda kuramukanya .

Tubibutse ko ,gushika kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 25 Ntwarante 2020,abamaze kwandura ikiza ca coronavirus ngaho mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika bamaze gushika kuri 54.916,abashika 784 nabo bakaba bamaze guhitanwa nico kiza muri ico gihugu.

You may also like...