Reta y’uBurundi yahagurukiye abategetsi bagomba kugenda bogeje ibigega vy’igihugu.

Reta y’uBurundi,yahagurukiye abategetsi bo munzego zose z’igihugu bagomba gusiga bogeje ibigega vy’igihugu muri ibi bihe igihugu kiriko kiregereza amatora.

Abarongoye uwumrwi ujejwe gusuzuma abategetsi bagomba kugenda bogeje ibigega vy’igihugu

Mukiganiro caremeshejwe kuruyu wa kane,igenekerezo rya 26 Ntwarante 2020,n’umurwi washinzwe n’umukuru w’igihugu c’uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza kugira usuzume wongere ushire ahabona abategetsi bose bagomba gusiga bogeje ikigega c’igihugu.

Eyse Ndaye arongoye uwo murwi w’abantu 11 bajejwe gukora amatohoza kubantu bariko baranyonyeza itunga ry’igihugu muri ikigihe himirije amatora,yamenyesheje ko bamaze gukora dosiye 3 z’abantu bagirizwa kuba bamaze kunyuruza itunga ry’igihugu,ndetse bakaba baratanze icegeranyo k’umukuru w’igihugu c’uBurundi nkuko babisabwe.

Uwo murwi ukaba usaba umurundi wese aho aherereye kuba ijisho,akaraba ko abategetsi baho aherereye batariko baranyonyeza itunga ry’igihugu,ndetse uwuzobona umutegetsi ariko aranyonyeza amatungo y’igihugu,akaba asabwa guhamagara ku numero ya terefone 300,ndetse agashimwe kakaba gategekanijwe kandi umwidondoro wiwe uzogumizwa mwibanga.

You may also like...