Ababonanye na babantu 2 barwaye Coronavirus mu Burundi batanguye kumenyekana.

Inyuma yaho kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 31 Ntwarante 2020 hamenyekaniye abantu babiri bambere barwaye ikiza ca Coronavirus mu Burundi,umuntu umwe yamaze kumenyekana ko yabonanye numwe murabo bantu.

Isanamu yerekana ahakorera ibitaro vy’i Makamba hamwe na mutuelle muri iyo ntara.

Ibitaro bikuru vy’intara ya Makamba,vyamenyesheje ko umwe mubakozi ba Mutuelle basanzwe bakorera ngaho kuri ivyo bitaro yiyemereye kuba yarabonanye n’umuntu umwe muri babandi babiri bamenyekana kumusi wejo ko banduye ikiza ca Coronavirus ngaha mu Burundi.

Ubuyobozi bw’ivyo bitaro bukaba bwamenyesheje ko bwaciye bufata ingingo yokubanza kugara ibiro vya Mutuelle bisanzwe bikorera ngaho kuri ivyo bitaro muntumbero yogukinga ico kiza ndetse hakaba hariko hararonderwa abantu bose boba barabonanye n’uwo mukozi wa Mutuelle kugira basuzumwe .

Munama umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu Burundi,Muganga Thaddee Ndikumana yakoranye n’abagize umurwi w’igihugu ujejwe gukurikirana ibijanye n’ikiza ca Coronavirus kuruyu gatatu,igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2020,yamenyesheje ko bamwe mubantu babonanye nababantu 2 bamenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus,hari abamaze gufatwa ibipimo kugira barabeko batanduye ico kiza.

Tubibutse ko,kuruyu wa kabiri,umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu Burundi yari yamenyesheje ko hagiye kuronderwa abantu bose boba barabonanye nabarya bantu babiri bamenyekanye ko banduye ikiza ca Coronavirus kugira bashobore gusuzumwa ko batoba baramaze kwandura.

You may also like...