Botswana nico gihugu cambere kw’isi Coronavirus inyarukije kwica umuntu wa mbere.

Mu gihugu ca Botswana,umuntu wa mbere yamaze guhitanwa n’ikiza ca Coronavirus,inyuma y’amasaha 24 gusa ico kiza kimenyekanye muri ico gihugu.

Isanamu yerekana umuntu yariko arasenga kugira Imana ikingire igihugu ca Botswana ntigifatwe na Coronavirus.

Amakuru y’urupfu rw’umuntu wa mbere yahitanywe n’ikiza ca Coronavirus mu gihugu ca Botswana,yamenyeshejwe n’icegera c’umukuru  wico gihugu bwana Slumber Tsogwane,aho yamenyesheje ko uwo muntu yahitanywe nico kiza imbere yuko ibipimo vy’abaganga vyemeza ko yamaze kwandura.

Slumber Tsogwane,akaba yamenyesheje ko uwo yaraye ahitanywe nico kiza ari umutamakazi w’imyaka 79 y’amavuko yaheruka murugendo mu gihugu ca Africa yepfo,igihugu ca mbere kibangamiwe n’ikiza ca Coronavirus k’umugabane wa Africa.

Icegera c’umukuru w’igihugu ca Botswana,bwana Slumber Tsogwane,akaba yavuze ko uwo muntu amaze kwitaba Imana,ariho ibipimo vyemeza neza ko yararwaye ikiza ca Coronavirus.

Inyuma yuwo muntu yaraye ahitanywe n’ikiza ca Coronavirus,reta y’igihugu ca Botswana yaciye yihutira gufata ingingo zikaze,aho yamenyesheje ko kuva kuruyu wa kane,igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2020 atamuntu numwe azoba arekuriwe gusohoka murugo iwe gushika kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2020 muntumbero yoguhangana n’ico kiza.

Tubibutse ko umuntu wa mbere ahitanywe n’ikiza ca Coronavirus ngaho mu gihugu ca Botswana,inyuma y’amasaha 24 hamenyekanye ko ico kiza camaze gutera muri ico gihugu,ndetse uwo yahitanywe nico kiza akaba atari kurutonde rw’abantu bari bamenyekanye ko banduye ico kiza.

You may also like...