Dubaï igisagara cagenderwa n’ingenzi nyinshi,ubu kigenzurwa n’ingeregere kubera Coronavirus.

Igisagara ca Dubai co mu gihugu ca Émirats arabes unis,carigisanzwe cakira ingenzi nyinshi kubera urudandazwa mpuzamakungu rusanzwe ruhakorerwa,ubu nta muntu numwe aboneka mu mabarabara yico gisagara kiretse ibikoko gusa kubera ikiza ca Coronavirus.

Isanamu yerekana Ingeregere ziriko ziritemberera mu mabarabara yo mugisagara ca Dubai.

Kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2020,hasohotse amasanamu yerekana amwe mu mabarabara yo mugisagara ca Dubai asigye agenzurwa n’ibikoko vyo mu bwoko bw’ingeregere kubera atabantu barekuriwe kuva mungo zabo kubera ikiza ca Coronavirus.

Amakuru atangwa n’ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru mu gihugu ca Émirats arabes unis,avuga ko abantu bashika 665 aribo bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus muri ico gihugu,ariko abashika 6 bakaba aribo bamaze guhitanwa nico kiza.

Reta ya Émirats arabes unis ikaba yaramaze gufata ingingo yokubuza abantu bose kuva mu mihana yabo muntumbero yokugerageza guhangana n’ikiza ca Coronavirus muri ico gihugu.

Tubibutse ko,abantu benshi bamenyekanye ko banduye ikiza ca Coronavirus mu gihugu c’uRwanda baje bazananye mugisagara ca Dubai,ndetse no mubantu babiri baraye bamenyekanye ko banduye ikiza ca Coronavirus mu Burundi,umwe yaheruka kuva mu gisagara ca Dubai.

Isanamu yerekana ingene amabarabara hamwe nahasanzwe hakorerwa ubudandaji butandukanye hugawe kubera coronavirus.

You may also like...