Igihugu ca Kenya kigiye kw’isonga ry’ibihugu bifise abarwayi benshi ba Coronavirus muri EAC.

Igihugu ca Kenya nico kigiye kwisonga ry’ibihugu bifise abantu benshi bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus mubihugu bigize umuryango wa Africa y’ubuseruko EAC.

Umunyamabanga ntayegayezwa mubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Kenya bwana Mutahi Kagwe yamenyesheje ibtigiri vy’abanduye coronavirus muri Kenya.

Kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2020,ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Kenya,bwatangaje ibitigiri bidasanzwe vy’abantu bashasha bamenyekanye ko banduye ikiza ca Coronavirus.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ngaho mu gihugu ca Kenya,bukaba bwamenyesheje ko abantu 22 bashasha bamenyekanye ko bafise ikiza c’indwara ya Coronavirus.

Abantu 18 muri abo bamenyekanye ko bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus akaba ari abenegihugu ba Kenya hamwe n’abanyamahanga 4,babiri bava mu gihugu ca Pakistani,abandi babiri nabo bava mu gihugu ca Cameroun.

Ubwo bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ngaho mu gihugu ca Kenya bukaba bwamenyesheje ko ibitigiri vy’abantu bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus ngaho muri ico gihugu bigze kuri 81,ariko hakaba harimwo 2 bamaze kumenyekana ko bakize ico kiza.

Tubibutse ko,igihugu ca Kenya giciye kija imbere y’igihugu c’uRwanda,k’urutonde rw’ibihugu bifise abantu benshi bafise ikiza ca Coronavirus mu bihugu bigize umuryango wa Africa y’ubuseruko EAC,kuko uRwanda rugeze kubitigiri vy’abantu 75 bamaze kwandura ico kiza.

You may also like...