Kubera Coronavirus ubufaransa bwemeye gufashwa n’igihugu ca Cuba kimaze imyaka 50 mubihano.

Mugihe abantu benshi batari bavyiteze,igihugu c’ubufaransa caraye cemeye gufashwa n’igihugu ca Cuba,kimwe mu bihugu bimaze imyaka ishika 50 carafatiwe ibihano mubijanye n’ubutunzi n’ibihugu bitanduakanye vyo k’umugabane w’uburayi hamwe na reta zunze ubumwe za Amerika.

Isanamu yerekana abaganga ba Cuba mugihe bariko baritegura kuja gufasha mubindi bihugu.

Kuruyu wa 31 Ntwarante 2020,niho reta y’ubufaransa yemera kwakira ubufasha bw’igihugu ca Cuba bugizwe n’abaganga hamwe n’ibikoresho vy’ubuvuzi,muntumbero yo kubafasha kurwanya ikiza ca Coronavirus kiriko kirasika inganda muri ico gihugu.

Igihugu ca Cuba kikaba carateje imbere ibijanye n’ubuvuzi mugihugu cabo naho cafatiwe ibihano bidasanzwe muvyubutunzi,ndetse kikaba gisanzwe gifise abaganga b’abahinga gusumvya igihugu c’ubufaransa.

Abaganga b’igihugu ca Cuba bakaba baragiye no gufasha kurwanya ikiza ca Coronavirus mugihugu c’ubutariyano,aho ico kiza kiriko kiratikiza inganda.

Tubibutse ko,igihugu c’ubufaransa kiza mukibanza ca kane kw’isi mu bihugu bimaze kubura abantu benshi bahitanywe n’ikiza ca Coronavirus kuko abamaze guhitanwa nico kiza bamaze gushika ku 3,523.

Bamwe mubanyaburayi bakaba batangazwa  n’ingene igihugu ca Cuba kiriko kirafasha ibihugu bibangamiwe n’ikiza ca Coronavirus mugihe ivyo bihugu nyene vyafatiye ibihano vy’ubutunzi ico gihugu ca Cuba kugira ntigishobore gutera imbere,aho bacagiriza kuba gihonyanga agateka kazina muntu.

You may also like...