Amerika yagirizwa kunyuruza Masques zokwikingira Coronavirus zari zigenewe ubufaransa.

Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,cagirizwa kwihagira udutambara twokwifuka ku mazuru (Masques) mukwikingira ikiza ca Coronavirus,twari tugenewe igihugu c’ubufaransa.

Isanamu yerekana agatambara gakoreshwa kwifuka ku mazuru mukwikingira ikiza ca Coronavirus.

Amakuru yatangajwe n’imboneshakure yo mugihugu c’ubufaransa RT,kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2020,igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika cagirizwa kuba cakoresheje igikenye c’amahera gitwara udutambara twokwifuka kumazuru twari tugenewe igihugu c’ubufaransa.

Renaud Muselier,asanzwe arongoye akarere ka Paca ngaho mu gihugu c’ubufaransa,kamwe muburere bwari bwagize commande y’udutambara twokwifuka kumazuru muntumbero yokwikingira ikiza ca Coronavirus,yamenyesheje ko commande bari bakoze mu gihugu c’ubushinwa,abanyamerika babazungurutse baca batanga amahera menshi kandi cash kugira batware utwo dutambara.

Kubwa Renaud Muselier,indege yapakiye utwo dutambara baribaziko ifashe inzira ija mu gihugu c’ubufaransa,ariko ikaba yahavuye itumbera mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika itwaye utwo dutambara.

Udutambara two kwifuka kumazuru muntumbero yokwikingira ikiza ca Coronavirus kubanga canke abanyagihugu basanzwe twabaye umuzi wibuye mugihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika no mubihugu bitandukanye vyo k’umugabane w’uburayi.

You may also like...