Muri Amerika,abantu imiriyoni 10 bamaze gutakaza akazi kubera Coronavirus.

Mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,abantu bashika ku miriyoni 10 bamaze gutaaza akazi bahora bakora kubera ikiza ca Coronavirus.

Nkuko vyatangajwe n’ikimenyeshamakuru ca New York Times,gisanzwe gikorera ngaho mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,abantu bashika imiriyoni 10 baramaze gutakaza akazi kuva ico kiza kimaze kwibonekeza muri ico gihugu.

Mu misi indwi gusa iheze,ico kijejwe kwakira ibibazo vy’abatakaje akazi, camenyesheje ko abantu bashika imiriyoni 6 n’ibihumbi amajana atandatu (6,6M) aribo batakaje akazi ngaho mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika.

Ibitigiri nkivyo vy’abantu batakaje akazi mu misi indwi,bikaba vyaheruka kwibonekeza muri ico gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika mu mwaka 1982,nkuko vyabandanije bimenyeshwa na New York Times.

Gushika kuruyu wa kane,igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2020,igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika akaba arico kiza kw’isonga kw’isi yose mubihugu bifise abantu benshi bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus,kuko abamaze kwandura bamaze gushika 216.722,hagakurikira igihugu c’ubutaliyano gifise abamaze kwandura bashika 110.574

You may also like...