Prezida wa Philipine yasavye abapolisi kurasa umuntu atazubahiriza ingingo zokurwanya Coronavirus.

Umukuru w’igihugu ca Philipine yasavye inzego zijejwe umutekano muri ico gihugu kurasa umuntu wese azorenga kungingo zafashwe nico gihugu muntumbero yokurwanya ikiza ca Coronavirus.

Isanamu yerekana umukuru w’igihugu ca Philipine Rodrigo Duterte afise inkoho mu minwe.

Kuruyu wa kane,igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2020,umukuru w’igihugu ca Philipine,bwana Rodrigo Duterte,yasavye abapolisi bajejwe umutekano kurasa umuntu wese azogerageza kurenga kumategeko yafashwe nico gihugu agasohoka munzu iwe ata mvo zumvikana afise.

Kubwa Rodrigo Duterte,umuntu adashobora kubahiriza izo ngingo zafashwe n’igihugu,aho basavye abanyagihugu kuguma mumazu yabo muntumbero yokwirinda kwandura no kwanduzanya ikiza ca Coronavirus,ategerezwa gufatwa nk’umwansi w’igihugu kuko na Coronavirus imaze kuba umwansi w’igihugu.

Rodrigo Duterte yagize ati :”Hako noreka umuntu akabandanya gukwiragiza ikiza ca Coronavirus no guteza umutekano muke,notuma ndamurungika mukuzimu akaba araruhutse.”

Umukuru w’igihugu ca Phillipine akaba yasavye abapolisi n’abasirikare hamwe n’abarongozi bo kuzengo zo hasi gukora neza muri ibi bihe,bidasanzwe igihugu kirimwo,bagakura munzira abantu bose bashobora guteza umutekano muke abandi .

Ibitigiri vy’abantu bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus ngaho mu gihugu ca Phillipine bikaba bimaze gushika ku 2311,hamwe n’abashika 96 bamaze guhitanwa nico kiza.

You may also like...